Leta Y’i Bujumbura Iriyamiriza ‘Ivyegeranyo Vya ONU Birimwo Ibinyoma’.

0

Leta y’Uburundi yaraye yiyamirije yivuye inyuma ‘ ivyegeranyo bikorwa na ONU vyuzuye ibinyoma’. Leta y’i Bujumbura kandi ikiyamiriza ivyegeranyo mpuzamkakungu « birimwo amakosa kandi bihengamye » biza bibangamira umutekano w’igihugu.

Umunyamabanga ntayegayezwa w’inama y’umutekano y’igihugu(CNS), Silas Ntigurirwa, akaba yarasomye itangazo kw’iradiyo y’igihugu RTNB, yiyamiriza « ivyegeranyo birimwo ibinyoma kandi bihengamye bikorwa n’amashirahamwe amwe amwe ya ONU akora ku bijanye n’umutekano w’igihugu ».

Ntigurirwa yabandanije amenyesha ko Inama Nkuru y’Umutekano w’igihugu ibabazwa kandi ikamirira kure ivyo vyegeranyo ‘birimwo amakosa’ biza bishaka guhungabanya umutekano w’igihugu, maze ica ihamagarira « ibihugu canke amashirahamwe afise intumbero yo kuvyura inzankano ku banyagihugu b’Uburundi ko bobihagarika ».

Inama y’umutekano kandi yaragarutse ku migwano ikorwa n’inkozi z’ibibi canke ba gaterabwoba mu Buseruko bwa Republika iharanira demokrasi ya Kongo, maze ihamagarira Abarundi kwicungera ngo ‘ntiboshwe ngo bakurikire inyigisho z’abo ba gaterabwoba’.