Umukuru w’ishirahamwe Amicale des musiciens yaratewe n’abagizi ba nabi

0

Bruno Simbavimbere batazira Memba yarategerewe kuruyu wa gatanu n’abagizi ba nabi aho yaratashe mu rugu iwe muri zone Kinindo, quartier Kibenga, hari igihe c’isaha zine z’ijoro.

Abo bagizi banabi bagaba bamukomerekeje cane kumutwe aho yababaye cane. Abarengana nibo bamutabarije bamujana kwa muganga kubitaro vya Croix Rouge vyo mu Kinindo. Mu nyuma umuryango wiwe wahavuye ubimenyeshwa muriryo joro nyene, baca bamujana kubitaro Roi Khared aho hari umuganga avura imitsi yo mumutwe. Umuryango wiwe ukamenyesha ko atabantu bari bwumve ko bashaka kugirira nabi Bruno Simbavimbere ariko ko abagendana imipanga bahora bibonekeza murako gace ka quartier Kibenga. Umuryango wiwe ukamenyesha ko uburyo bwo kuvuza uwo mukuru w’abaririmvyi ari bwinshi cane narirya ata bimwe bita mutuelle asanzwe akoresha.