‘Kwugara amazu yo kuvunja amafaranga y’agaciro vyongereza ingorane’, Faustin Ndikumana

0

Umuhinga yigenga ajejwe kuraba uko amatunga ya leta agsesagurwa hamwe nuko yokingwa, Faustin Ndikumana, yavuye mu gacerere aravuga ku bijanye n’ingingo ya leta yo kwugara burundu amazu yo kuvunja amafaranga y’agaciro.

Faustin Ndikumana akavuga ko iyo ngingo ya leta igiye kwunyura ibintu, ko igiye gutuma nyabuna ikena ry’amafaranga y’agaciro mu Burundi riba rinini cane kurusha uko vyahora.

Ndikumana Faustin akabona ko naho iyo ngingo yo kwugara ayo mazu y’Ubudandanji yoshirwa mu ngiro, amabanki yigenga yubudandanji atoshobora guhaza ivyipfuzo vy’abashaka amafaranga y’agaciro mu Burundi.

Iyo ngingo yafashwe na leta ibicishije kuri Banki Nkuru y’igihugu, BRB, ikaba izoja mu ngiro itariki 15 Ruhuhuma 2020.

BRB ikaba yasanze abo badandanza amafaranga y’agaciro(Dollars, Euros, etc) bahonyanze amategeko bari bahawe yo kugura ku biciro BRB yari yashize ahabona.

BRB ikaba yari yashinze ko abo bagura bakagurisha amafaranga bagura idolari ku mafaranga 2130FU hama bakagurisha 2150FBU, ibiciro abo badandaji babona ko ari makeyi ugerenaije nayo bari bamaze kurangura ku 2800FBU canke 2900 fbu.