Inzige zonona ibiterwa ntizirashika m’Uburundi

0

Ivyo nivyavuzwe na Jean Claude Mbarushimana, umuyobozi mukuru w’Uburimyi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere. Akaba yabivuze mu gihe hari hamaze imisi hibonekeza amasanamu ku mbuga ngurukana bumenyi avuga ko muri komine Kabezi hashitse inzige zona zimaze imisi zibica bigacika mu bihugu vya Kenya, Ethiopie, Somalia na Soudan du Sud.

Jean Claude Mbarushimana akavuga ko izo nzige ari izisanzwe zihari kandi zitonona imirima kuko ziba mu mashamba. Akavuga kw’izo nzige zitaribwa n’abantu kandi zifise akamoto kabi. Uwo muyobozi mukuru akavuga ko Ubushikiranganji bw’Uburimyi n’Ubworozi bwaciye burungika abahinga mur’iyo komine ya Kabezi kugira bige neza ivy’izo nzige.

Jean Claude Mbarushimana asaba abenegihugu bahegereye ko bofata izo nzige bakazitora bakazishira mu kinogo bagaca baziturira.