Umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi wasabiwe kwongerwa ikiringo

0

Umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi wasabiwe ko wongerezwa ikiringo kugira ngo ubandanye igikorwa cawo.

Ariko rero, iyo ngingo ishobora kuza yunyura ibintu mu gutuma imigenderanire hagati ya reta y i Gitega na ONU ihungabana na rirya yariko iratyororwa.

Umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi usanzwe utanga ivyegeranyo bivuga amabi yakozwe mu Burundi nayabandanya akorwa kuva mu mwaka wa 2015 gushika iki gihe.

Reta y Uburundi yagumye yiyamiriza uwo murwi hamwe n ivyegeranyo vyawo kubera ko Uburundi buvuga ko vyuzuyemwo amakosa n’ibinyoma.

Reta y Uburundi ntaco iravuga ko ico ciyumviro co kwongera ikiringo umurwi ukora amatohoza ku Burundi.

Mwomenya ko Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka ryamenyesheje ko muri aya mezi abiri muri reta nshasha hapfuye abantu barenga 100.