Kugurisha icamunara ubutunzi bw’abatavuga rumwe na reta muri iyi ndwi

0

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’Ubushikiranganji bw’Ubutungane bw’Uburundi bumenyesha ko hagiye kuba igurishwa icamumara ry’ibikoresho hamwe n’ubundi butunzi vy’abatavuga rumwe na reta bari mu buhungiro hanze canke bafunzwe.

Iryo tangazo ry’ubushikiranganji bw’ubutungane rimenyesha ko iryo gurishwa rizoba kw’igenekerezo rya rya 11 gushika kuwa gatandatu igenekerezo rya 14 munyonyo 2020, naho ubwo bushikiranganji bw’ubutungane bwatanze butavuga ibikoresho ivyarivyo.

 “Mu ntumbero yo kubungabunga ivyafashwe n’inzego z’ubutungane kugira ngo ntivyononekare ndetse bibandanye bigirira akamaro igihugu no gukinga inyuruzwa ryavyo niyo ntumbero y’ico gikorwa”,niko iryo tangazo rivuga riri aha hepfo .

Amakuru amwe avuga ko muri ivyo bikoresho harimwo imodoka, amapikipiki n’ibindi vy’abaharanira agateka ka zina muntu n’abanyepolitike bapfunzwe n’abahunze bagirizwa na reta gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015.

Aha haca hazamwo ubutunzi bwa Maggy Barankitse atwara ikigo Shalom co mu ntara ya Ruyigi mu buseruko bw’Uburundi, ubutunzi bwa Pierre Claver Mbonimpa, Fabien Banciryanino afungiwe mw’ibohero rtikuru rya Mpimba n’abandi bahunze igihugu mu mwaka wa 2015 igihe haduka intureka zivuye ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Hakaba hari hamaze gufatwa no gushirwa mu minwe ya reta inyubakwa ya Maggy Barankitse iri mu ntara ya Ruyigi, ariko kumbure ko ubu n’ibitaro vya Maison Shallom vyoba bishaka kugurishwa.