Covid-19: Umukuru w’igihugu agiye kumara ‘amasaha 72 ari wenyene’ inyuma yo kuva muri Guinee Equatoriale

0

Inyuma yo kuva mu rugendo yahozemwo mu misi iatnu irangiye mu gihugu ca Guinée équatoriale, umukuru w’igihugu agiye kumara amasaha 72 ari wenyene(self-confinement) hamwe n’abo bafatanye urugendo kubera ikiza ca Koronavirus.

Mu kwishura ikibazo c’uko we n’abo bajanye batoba baranduye umugera wa COVID-19 kubera basohotse igihugu, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yishuye ko atoshoka avuga ijana kwijana ko banduye canke batanduye kubera ko ‘Korona ica mu muyaga’.

Ku bwivyo, Evariste Ndayishimiye yateye akamo Abarundi bose na cane cane abaza bava mu bindi bihugu ko bategerezwa gukurikiza amabwirizwa yo kurwanya ikiza ca Coronavirus.

Ndayishimiye yavuze ati: “Na twebwe aha abaganga babanza kudupima barabe ko tutanduye hama tuje ukwa twenyene amasaha 72 imbere yo kubonana n’abandi bantu, kugira ntitubanduze mu gihe twoba twaranduye umugera wa Coronavirus”.

Mw’ijambo yashikirije abarundi yururutse indegeg, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko hari vyinshi we n’abo barikumwe bungutse muvyo baganiriye, bongera bemeranya ibitari bike ivyo bihugu 2 bigiye gufashanya na cane cane ibijanye no gucuruza, gukarihizanya ubwenge.

Ndayishimiye nawe kandi yavuze ko umukuru w’igihugu ca Guinee yavuze ko igihugu ciwe kigiye kwigira vyinshi ku gihugu c’Uburundi mu bijanye n’Uburundi.