Intamba m’Urugamba zirafata indege kur’uyu wa mbere zerekeza muri Mauritanie

0

Uwo murwi nserukira gihugu mu mupira w’amaguru ukaza gufata indege kur’uyu wa mbere werekeza mu gihugu ca Mauritanie ahou zoba ugiye mu mahiganwa yo gukuranamwo mw’ihiganwa ry’igikombe c’umupira w’amaguru wa Afrika.

Reverien Ndikuriyo, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru m’Uburundi, asaba abashaka guherekeza umurwi nserukira gihugu muri Mauritani ko boza kwipimisha coronavirus kuri Hotel Source du Nil kur’uyu wa mbere. Urwo rukino rukazoba itariki 11 munyonyo 2020 mu gihugu ca Mauritanie. Uburundi bukaba buri mumurwi E bukaba burikumwe n’ibihugu vya Maroc, Centrafrique na Mauritanie. Igihugu giteye ubwoba akaba ari Maroc mur’uyu murwi.

Ariko umukuru wa CAF ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika akaba yamenyesheje ko atawuzokwinjira mu kibuga c’umupira w’amaguru mur’uku kwezi kwa munyonyo kumvo zukwikingira ikiza coronavirus. Mu misi iheze uwo mukuru wa CAF nawene akaba yarafashwe nuwo mugera.