‘Reta mvyeyi’ yarungitse abashomeri kwiga ‘uko bokwibeshaho i Karuzi’

0

‘Reta mvyeyi’ ya Evariste Ndayishimiye yarungitse abashomeri bose kwiga ‘uko bokwibeshaho  mu ntara ya Karuzi’ mu Buraruko bw’Uburundi.

Ivyo vyavuye kuri rusansuma yakozwe ku banyeshure bose b Abarundi bamaze amashure ariko ata kazi bafise.

Iryo yandikwa rikaba ryari ryatumye abashomeri batari bake bumva banezerewe ko reta mvyeyi igiye kubaha ivyo bakora muri reta nkozi.

Ariko icaciye intege abashomeri batari bake mu Burundi nuko ubushikiranganji bw Intwaro yo hagati bwasohoye itangazo ko iryo yandikwa ryaheruka atari ugutanga akazi ahubwo ko kwari ukuraba uko bokwegeranirizwa hamwe hama bakaja kwiga uko bokwibako.

Abatari bake bakabona ko reta mvyeyi yahevye urwo rwaruka rutagira icepfo na ruguru.

Mwomenya ko ubu mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015 hari abashomeri barenga 30 000 aho harimwo abarenga 18 000 bamaze amakaminuza bicaye hamwe nabimirije kuyamara.