Kayanza:Inzu y’Ubudandaji ya Lumitel yarahiye iratokombera.

0

Mu Buraruko bw’Uburundi, mu ntara ya Kayanza, inzu y’Ubudandaji ya Lumitel yarahiye iratokombera ejo ku mugoroba wo ku musi wa kabiri igenekerezo rya 22 Nzero 2018.

Impamvu zatumye iyo nyubakwa isha igatokombera ntizirashirwa ahabona. Ariko ca kimodoka kizimya imiriro bita kizimya mwoto cagiye kuhashika ibara ryamaze kurwa.

Ubwo ntibibereye ko intara yose y’Uburundi ikwiye kugira mwene ico kimodoka kugira kize kirahaseruka rukamvye?

Uwo mmuriro wadutse mu nzu y’ibiro vy’ishirahamwe lumitel mu ntara ya kayanza, ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri hafi isaba imwe y’ijoro.

Inkuru ziva mu kayanza zivuga ko atagikoresho na kimwe casigaye muri ivyo biro vya Lumitel.

Umuriro wagiye kuzima imodoka yagenewe ico gikorwa ivuye mu ntara ya Ngozi ishitse, hafi inyuma y’isaha uwo mucanwa wadutse.

Nk’uko Isanganiro ibishira ahabona, Komiseri arongoye igipolisi mu kayanza, avuga ko bagitororokanya ivyononekaye. Abakozi 2 b’ishirahamwe lumitel mu kayanza akaba aribo bamaze gufatwa kumvo z’amatohoza.