Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNews'Ivyumba vy'amasengesho bigiye kwugarwa': Murashigikigikiyre ko ivyo vyumba vy'amasengesho vyugarwa?

‘Ivyumba vy’amasengesho bigiye kwugarwa’: Murashigikigikiyre ko ivyo vyumba vy’amasengesho vyugarwa?

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, mu nama yakoreshejej kuri uyu musi wa gatatu, asaba abarongoye amashengero guhagarika ivyumba vy’amasengesho.

Freddy Mbonimpa avuga ko ivyo vyumba vy’amasengesho bituma abantu bavyitura iyo bagwaye, aho kuja kwa muganga bakavurwa n’abahinga bavyigiye.

Ivyo Freddy Mbonimpa yabishikirije ari kumwe n’abarongoye amashengero mu Burundi.

Mbonimpa yibukije abo barongoye amashengero ko hari itegeko nshikiranganji risaba amashengero ko guhezagira abageni ari ku musi wa gatandatu honyene.

Aba na bariya ntibabona kumwe ibijanye n’ivyo vyumva vy’masengesho.

Hari bamwe bamwe baterwa amakenga n’ukuntu nk’akarorera usanga umukenyezi yubatse urwiwe cake umukobwa atarubaka urwiwe ugasanga yagiye kurara muri ivyo vyumba vy’amasengesho kandi bisanzwe rimwe rimwe bikorerwamwo n’abasenzi b’igitsina-gabo.

Nico gituma bamwe bamwe biyumvira ko vyoba bikorerwamwo ubuhumbu na rirya bikunze gukorwa mw’ijoro.

Mweho murashigikigikiyre ko ivyo vyumba vy’amasengesho vyugarwa?

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments