Colonel Richard TAWIMBI yafashwe

0

Umwe mu barwanyi bakuru yagirizwa ko akorana n’abitwaje ibirwanisho b’abarundi n’abanyarwanda yafashwe.

Colonel Tawimbi Richard, asanzwe ariwe arongoye umurwi w’abarwanyi witwa GUMINO ukorera muri Kivu y’epfo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yahagaritswe n’abasirikare ba Congo mu gisagara ca Kinshassa, kuri uwu wa gatatu w’indwi iheze.

Colonel Tawimbi Richard afashwe inyuma y’aho ivyegeranyo bitandukanye bimwagirije akorana n’abarwanyi bo mu gihugu c’Uburundi, hamwe n’abo mu gihugu c’Urwanda barongowe na Général Kayumba Nyamwasa yahoze ari ntwazangabo mu gisirikare c’Urwanda, akaba ari mu barwanya ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul KAGAME.