Umugabo yitwa Daniel Ngendakumana yahora atwara imbonerakire zo mu mugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD mu ntara ya Kayanza, Commune Kabarore, Zone Rugari, umutumba wa Buyumpu yaraye yishwe n’abantu bataramenyekana mu bucagucagu bwo kuri uno wa Gatatu.
Agence Burundaise de Presse yemeza aya makuru ko uyo Daniel Ngendakumana yishwe hamwe n’umugore wiwe. Daniel Ngendakumana akaba yishwe aciwe umutwe maze gushika n’ubu umutwe wiwe ukaba utaratorwa, nk’uko vyemezwa n’intwaro hamwe n’igipolisi ngaho i Kabarore.
#Burundi–@KayanzaProvince: Des sources administratives et policières font savoir que cet homme qui était en même temps président de la ligue des jeunes Imbonerakure en zone de Rugari est mort décapité et la tête séparée de son corps est pour le moment introuvable
— ABP (@ABPInfos) September 19, 2018
Amakuru yashizwe ahabona na SOS Media Burundi amenyesha ko abakoze ico gitero mu kwica uyo Daniel Ngendakumana yahora atwara imbonerakure boba baturutse mu gihugu c’Urwanda nk’uko abanyagihugu baho biganiye ico kinyamakuru.
Iyi habaye bene ubwo bwicanyi, hakwiye kuba amatohoza yitondewe kugira go ntihagire uwurwa mu mporero kubera ivyo bintu bishika atawari avyiteze.





Recent Comments