Jean Claude Karerwa yagenwe kuba umuvugizi w’umukuru w’igihugu

0

Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, arabandanya kugena abazomufasha kurongora igihugu. Kur’uyu wakane akaba yagenye Jean Claude Karerwa kuba umuvugizi wiwe. Uwo nawe akaba yahoze avugira umukuru w’igihugu yahahora, Petero Nkurunziza. Jean Claude Karerwa akaba azwi cane kuba aca imigani myinshi mu kirundi mugihe aba ariko aravugira umukuru w’igihugu, bikaboneka cane ko yasesanguye ikirundi, imigirwa n’imigenzo y’Abarundi.

Uwundi yagenye n’uwitwa Come Nahabakomeye, akaba ashinzwe gusumira umukuru w’igihugu n’umuryango wiwe n’abamugendanira babana m’urugo. Uwo nawe akaba atazwi cane mur’uruba rwa politike. Leta nayo yari yitezwe kur’uyu wakane ikaba itashinzwe kumvo zitaramenyekana.

Mwomenya ko kur’uyu wakane habaye imisa yo gusabira uwahoze ari umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, yitavye Imana itariki 8 Ruheshi 2020. Iyo misa ikaba yabereye mu ntara ya Gitega umugwa mukuru wa politike. Ikaba yitabwe n’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, hamwe n’umushikiranganji wiwe wambere. Ku musi wejo niho hazoca hafubwa uwo mukuru w’igihugu yatwaye Uburundi imyaka 15. Urubanza rukazobera mu ntara ya Gitega Nyene.