Ibintu bine umukuru w’igihugu yitezweko cane gukora

0

Mu bihweza ibintu bitari bike birindiriye umukuru w’igihugu mushasha, Evariste Ndayishimiye, babona ko bizotuma Uburundi bushika kw’iterambere rirama bikenewe gukorwa vuba cane.

Evariste Ndayishimiye arazwi ko yaje avuga ko ari ‘Imboneza mw’iterambere’ ry’igihugu c’Uburundi, igihe yabivuga ariko yiyamamaza mu kwezi kwa Rusama 2020.

Ngibi rero ibintu bine Ndayishimiye Evariste yitezweko gukora vuba cane kugira ‘ubuhizi bwiwe’ mw’iterambere buje ahabona:

  1. Kugabanya inguvu canke guhagarika umurwi w’Imbonerakure za CNDD-FDD: Umurwi w’imbonerakure za CNDD-FDD urazwi mu vyegeranyo bitari bike ko wagiye urashirwa ku ntonde z’abahungabanya umutekano hagati y’Abarundi, gushika yaho wifatira ibintu mu ntoki, kandi inzego z’umutekano zihari.

Rero umukuru w’igihugu, Ndayishimiye Evariste abonwa neza ko afise uruhara ruhambaye mu kugabanya inguvu n’ububasha imbonerakure zifise kugira ngo ituze mu banyagihugu b’Uburundi isubire kugaruka.

2. Ukunagura imigenderanire hagati y’Uburundi n’amakungu: Kuva mu mwaka wa 2015, igihugu c’Uburundi gisa nicinjiye mu mwiza mu bijanye n’imigenderanire n’amakungu, na cane cane ibihugu vyahora bifasha Uburundi nka Buraya na Amerika.

Rero, abahinga babona ko Ndayishimiye akwiye kwicarira ico kibazo agasubizaho umwumvikano hagati y’amakungu n’Uburundi kugira Uburundi nabwo bugire isura nziza mu mahanga.

Mwokwibuka ko amakungu yahora atanga gushika ku bice 52% vy’amafaranga yakoreshwa ku mwaka na leta y’Uburundi imbere ya 2015.

3. Gutsimbataza umutekano mu gihugu: Hageze kuri ico kibazo c’umutekano mu gihugu aho harimwo agateka ka zina muntu, kurekura impfungwa za politike, ukugarukana ubwigenge mu binyamakuru n’ibindi.

4. Guhungura impunzi: Kuva mu mwaka wa 2015, hari abarundi batari bake bahunze igihugu c’Uburundi kubera intureka zatangujwe n’imyiyerekano yo kwiyamiriza itorwa rya gatatu rya Petero Nkurunziza.

Ibitigiri vya HCR bivuga ko hari n’imiburiri hanze y’igihugu impunzi z’Abarundi zishika ku 400 000, naho leta y’i Gitega ivuga ko ivyo bitigiri atari vyo.

None ubwo Ndayishimiye azobishikako? Uko biri kwose gushika mu kwezi wa Kigarama 2020 azoba amaze gukora ibikorwa binaka bizokwerekana ko ashoboye kuzana ihinduka.