Inyuma y’aho umurwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi wamiriye kure abagabo bane bashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, abo bose ‘basokowe’ bandanya bamirira kure iyo ngingo ya CENI.

Ceni ikaba yahaye abo bose bankiwe muri CENI kwitura sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ko yobarenganura mu misi itarenze ibiri
Mu bantu bariko bavugwa cane mu bankiwe na CENI kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ni Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL.
Aba na bariya baribaza ico ico uyo ‘mugabo’ yabaye igihe kitari gito mu gihugu ca Tanzania agamije.
Ku mbuga ngurukana bumenyi abatari bake basa nabatwengera mw’ijigo Yakobo Bigirimana bavuga ko utwigoro twiwe twapfuye ubusa.
Bamwe bamwe baribuka uko Jacques Bigirimana yavuga nabi abatavuga rumwe na leta ya CNDD-FDD, iyisa ‘niyimuhetse mu mugongo’, ariko bikaba biboneka ko iyo leta nyene ariyo imweretese ko ‘adakwije ibisabwa’ vyo gutwara Uburundi nk’abandi.
Yakobo Bigirimana kandi arazwi ko mu misi ya hera yagirijwe ‘kwiba’ abanywanyi b’umugamwe wa Anicet Niyonkuru(CDP), maze bikagaragara ko bose ‘batashe zirayoye’ naho bibanye abanywanyi.
None ubwo Sentare yubahiriza Ibwirizwa shingiro izorenganura Domitien Ndayizeye, Anicet Niyonkuru, Kavakure Valentin na Yakobo Bigirimana? Ni kuraba iyo bija…





Recent Comments