Kur’uyu wa kabiri niho umurwi CENI wasohora urutonde rw’abemerewe kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu uko ari cumi, bane muri bo bakaba bakuwemwo harimwo Valentin Kavakure yitoza kugiti c’umugambwe FPN Imboneza.

Mu kiganiro yaciye aha abamenyeshamakuru yamenyesheje ko yatangajwe niyo ngingo ko atayo yari yiteze, ko igamije kubasamaza ariko ko azokwitura inzego zibijejwe kugira bamurenganure abandanye amatora. Umurwi CENI ukaba wahaye abo bavuyemwo imisi 2 kugira bazane biture inzego zijejwe kubarenganura ari sentare ijwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro.
Valentin Kavakure akavuga ko bamuhaye urupapuro rwerekana ibibuze kugira yitoze mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu, kurwo rupapuro hakaba handitse ko atatanze ubwenegihugu bwiwe bukwiye ko n’abamwinshinje badakwiye 200 ko kandi imikono bashizeko itemewe neza.





Recent Comments