Ivy’umupira w’amaguru mu Burundi bibandanya biyangara…

0

Ivy’umupira w’amaguru mu Burundi bibandanya biyangara kubera ko muri aya mezi nk’angahe aheze Uburundi bwagumye butsidwa cane mu nkino z’umpira w’amaguru.

Mu mahiganwa ya CECAFA, nahone ntivyoroshe kubera ko Uburundi buguma butsindwa cane, eka mbere no mu migwi y’abakenyezi kubera kubura indemesho no guterwa intege.

Umwemu bafana b’umupira w’Uburundi yaragize ico avuga kuri izi nkino za CECAFA ukuntu Uburundi buguma butsindwa.

Soma kandi: Ukutumvikana: Bamwe babona ko umumenyereza w’intambamurugamba yotanga imihoho abandi siko babibona

Birababaje kubona Uburundi butsindwa n’igihugu nka Eritrea kiri mu kibanza ca 205  muri FIFA hama Uburundi nabwo bukaba buri ku kibanza ca 151, eka mbere n’igihugu c’Ubuganda ntigikomeye cane kudusumvya umupira ku buryo codustinda”, niko uwo mufana yavuze.

Abafana nubu babadanya bata ishavu ku mumenyereza w’Intamba mu Rugamb, Olivier Niyungeko, batazira Mtombola, ko ataco ashoboye yotanga imihoho agasubirizwa n’uwundi abishoboye.

Ariko rero, nabakinyi nabonyene barafise uruhara mu kuryohora uko boza baratsinda inkino zabo.