UBM News ads

Abanyeshure barenga 6000 b’Abakongo bimirijwe kwirukanwa mu Burundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abanyeshure barenga 6000 b’Abakongo bimirijwe kwirukanwa mu Burundi ku wa 23 Kigarama 2019 nk’uko bishikirizwa numwe mu baserukora abo banyeshure.

Isekeza ryo kwirukana abo banyeshure b’Abakongo biga mu mamakaminuza y’Uburundi ryatanguye mu kwezi kwa Nyakanga muri uyu mwaka rirabandanya aho baronderwa kubera kubura ivya ngombwa vyo kuba mu Burundi.

Bamwe muri abo banyeshure bakaba bamenysha ko baba mu Burundi bafise za mapauro za CEPGL, izo leta y’Uburundi ivuga ko ari izabadandaji apana impapuro z’Ababa mu Burundi igihe kinini.

Abo banyeshure b’abakongo bakaba bamenyesha ko basavye ubufasha ku buserukizi bwa Ambassade ya Kongo mu Burundi ariko akaba ata na kimwe cavuyemwo ahubwo birengagizwa gushika n’ubu.

Abo banyeshure b’Abakongo bakaba baheruka gukora uguhagarika ivyigwa biyamiriza iryo yirukanwa ku nguvu mu Burundi.

Biragaragara ko leta zose za Kongo n’Uburundi ataco ziramenyeshwa ku bijanye n’ico kibazo c’abanyeshure ba Kongo biga ku mashure y’Uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments