Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’Ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu kur’uyu wa gatatu. Abatwara abantu n’ibintu bakaba bazoronswa impapuro ndangamuduga n’uruhusha rwo gutwara abantu n’ibintu mu gihugu hagati no gutwara hanze y’igihugu.

Urupapuro ndangamuduga rukaba rugurwa hagati y’amahera 38.000 Fbu gushika ku mahera 47 500 Fbu bivanye n’impapuro ziri murako gatabo. Impusha zo gutwara abantu n’ibintu hagati mu gihugu zirihishwa kuva ku mahera 19 000 Fbu gushika ku mafaranga 106 400 Fbu bivanye n’ingene imodoka ingana uhereye ku mapikipiki. Impusha zo gutwara abantu n’ibintu hanze y’igihugu zikarihishwa amafaranga 38 000 Fbu n’amahera 200 000 Fbu bivanye n’ingene imodoka ingana ipikipiki ntizirimwo.
Abagendesha iyo miduga bakavuga ko amatagisi uko aba umurengera niko ibiturire kumabarabara bigwira. Mubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu bashinze ayo matagisi bakavuga ko bizobafasha kumenya imodoka ziri mw’ibarabara n’izisohoka hanze.





Recent Comments