Monday, May 29, 2023
HomeNewsIgikorwa co gutahukana Abasirikare b'Abarundi muri Somalia ni 'ntabanduka'.

Igikorwa co gutahukana Abasirikare b’Abarundi muri Somalia ni ‘ntabanduka’.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona ku wa 18 Nzero 2019 na Comandema ya 5 y’igisirikare muri AMISOM Abarundi bahurikiyemwo, hamenyeshejwe ko ico gikorwa casabwe n’Ubumwe bwa Africa co gutahana abasirikare bashika ku 1000 ari ntabanduka, ko bategerezwa ‘gutahukanwa gushika mu mpera za Ruhuhuma 2019’, niko ikinyamakuru RegionWeek gishira ahabona.

Ubumwe bwa Afrika, mw’Itangazo ryo ku wa 19 Kigarama 2018 bwari bwamenyesheje ko abasirikare b’Abarundi bashika ku 1000, bari muri AMISOM mu mugambi wo kugarukana amahoro muri ico gihugu, ko bategerezwa gushirwa ku rutonde rw’abatahukanwa.

Mwomenya ko ONU n’Ubumwe bwa Afrika bafasha aba basirikare bavyemeranije kugabanya buhoro buhoro igitigiri c’abasirikare muri AMISOM guhera muri uyu mwaka wa 2019.

Leta y’Uburundi, ibicishije ku bushikiranganji bwo kwivuna abansi, yamenyesheje ko idashigikiye iyo ngingo mu kuvuga ko ari ‘iyakarenganyo’, ko nyabuna ibihugu vyose bifise abasirikare muri AMISOM vyoja kuri urwo rutonde rw’abatahukanwa.

Ivyo biriko biba mu gihe Uburundi n’Ubumwe bwa Afrika bisanzwe bifitaniye imigenderanire mibi kuva mu mwaka turangije.

Uburundi busanzwe bufise muri Somalia abasirikare bashika ku 5000. Aba basirikare iyo bagarutse bakaba baroranirwa no gutunga imiryango yabo hamwe no guteza imbere Uburundi.

None ubwo Leta y’Uburundi, naho idashigikiye iyo ngingo izohava igondozwa yemere ko abo basirikare b’Abarundi batahukanwa?Ni kurindira…

Must Read