Ivyashitsweko Mu Kiganiro Cashikirijwe N’Umugwi Ukora Amatohoza Ku Burundi.

0

Ejo ku wa 13 Ntwarante 2018, umigwi ukora amatohoza ku Burundi wari uramutse ushikiriza icegeranyo ku Umugwi wa ONU ujejwe agateka aka zina muntu (Human Rights Council) ku bijanye n’aho amatohoza ku mabi yakozwe mu Burundi ageze.

Nk’uko biboneka ku rubuga rwa HRC, Umuhagarikizi w’umugwi ukora amatohoza ku Burundi, Doudou Diène, umunya Senegal, yamenyesheje ko uwo mugwi uzokorana n’abategetsi nabo bose vyega kugira igikorwa kibandanye co gutohoza ku Burundi. Akaba yahamagariye Uburundi guhindura impagararo yayo maze hakaba ibiganiro vyogira ico bivamwo.

Francoise Hampson, umwongerezakazi, uwundi ari muri uyo mugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi, akaba yaribukije ukuntu ibinyamakuru bitigenga mu Burundi bikongera bigashirwako umukazo,hamwe n’uko imyiyerekano gusa ya Leyta ariyo gusa yemewe. Yaragarutse kandi ko abategetsi bahohotera abadashaka kujana na CNDD-FDD.Yaribukije ko Umurwi ukora amatohoza mu Burundi waronse ivyemeza n’amakuru y’uko abategetsi bamwe bamwe bahohotera abantu bashaka kuzotora OYA mu kamaramapaka ko guhindura ibwirizwa shingiro.

Lucy Asuagbor,umunya Cameroun, uwundi umwe muri batatu bagize uyo murwi ukora amatohoza ku Burundi yaragarutse ku makenga ahari ku bijanye no kwegeranya intererano ku bw’amatora ya 2020. Yongera aragaruka kandi ku matagisi yaduze kw’isukari n’igitoro, maze bigatuma abanyagihugu bahabonera. Yaravuze kandi ko Uburundi buri mu nkenero idasanzwe yo gufashwa kubera ko abanyagihugu barenga imiliyoni 3 bakeneye imfashanyo yihutirwa.

Uburundi bukaba bwarahakanye ivyo vyashikirijwe n’uwo mugwi ukora amatohoza ku Burundi, maze bumenyesha ko ayo makuru ‘yuzuye ibinyoma gusa’ maze bumenyesha ko budatezura mu bijanye no kwubahiriza agateka aka zina muntu.

Abahawe ijambo akaba ari abserukira ibihugu vy’ Ubumwe bwa Buraya, Leta Zunze Ubumwe Za Amerika,Uburusiya, Ubudagi, Ububiligi, Danemark, Espanye,Australia, Syria, Ubufaransa, ubushinwa, Ubugiriki, Venezuela, Irani, Hollande, Ubwongereza, Irelande, Lithuania, Norvege, Algerie, na Birmanie.

Ivyo bihugu nka vyose bikaba vyasavye ko leta y’Uburundi yokorana neza nuwo mugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi kugira ngo ingorane zihanze Uburundi zitorerwe umuti.