Itegeko rishasha rigenga abakozi m’Uburundi ryaremejwe n’abashingamateka

0

Muri iyo nteguro y’ibwirizwa igenga abakozi n’akazi, imyaka yo kuja gukukuruka igiye kuva ku myaka 60 ije kuri 65. Abakozi bakorera abikorera utwabo, abakozi babayabaye nk’abakozi bo mu nzu n’abandi bazoronka amasezerano yanditse abagenga kandi bazokingirwa.

Ayo masezerano, co kimwe n’iri bwirizwa, bizoba vyanditse mu rurimi rw’ikirundi kugira bose babitahure. Abakenyezi nabo bakora mu gisata c’abikorera utwabo bagiye mu karuhuko ko kwibaruka bazobandanya baronswa igice c’umushahara bahora baronswa gushika ako karuhuko karangire. Iyo nteguro y’ibwirizwa ikaba yemejwe ijana kw’ijana.

Ariko amategeko agenga abakozi kenshi akaba adakutikizwa m’Uburundi kuko abakozi batinya kwirukanwa mu kazi iyo bariko baharanira agateka kabo. Guhagarika akazi navyo bikaba bigoye muri kino gihe kugutinya kwirukanwa canke gusubirizwa mu kazi ubwo nyene. Igisata naco kijejwe gucungera ko abakozi bafise ivyangombwa vyose kikaba kidakora akazi kijejwe gushika naho hari abakoresha batarihira INSS abakozi babo canke ngo babavuze mu gihe bakitswe n’amagara icibagiwe coco nukubaha ingurane y’ukubaka uburaro bwabo.