Umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi urajwe ishinga n”umukuru w’igihugu mushasha’

0

Umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi urajwe ishinga n”umukuru w’igihugu mushasha’ ariwe Evariste Ndayishimiye.

Mu cegeranyo ejo bashikirije imbere ya ONU, umurwi wa ONU urongowe na Doudou Diene ukora amatohoza ku Burundi uvuga ko ‘umukuru w’igihugu mushasha, Evariste Ndayishimiye, yagenye abategetsi babiri muri reta yiwe kandi bari musi y’ibihano vya Amerika na Buraya’.

Abo bategetsi babiri bokejwe igitsure na ONU ni umushikiranganji wa mbere ariwe Alain Guillauem Bunyoni( Mutama 2) na Gervais Ndirakobuca,atazirwa Ndakugarika nk’umushikiranganji w’umutekano.

Uyo murwi kandi uravuga ko hari abantu batavuga rumwe na reta baba abagabo canke abakenyezi bahohotewe mu kiringo c’amatora ya Rusama 2020.

Uwo murwi kandi uravuga ko mbere n’abana bakoreshejwe kugira bitabe amanama y’umugambwe CNDD-FDD ku nguvu bongera barahabwa ‘amakarata yo kuja gutora mbere no gutorera abapfuye’, nk’uko Associated Press ibishira ahabona.

Umurwi wa ONU ukaba uvuga ko habandanije hari ukudahana abahohotera abandi na cane cane imbonerakure za CNDD-FDD ko zabandanije zikora ukuri kwamye.

Reta y’Uburundi ikaba ataco iragira ivuze kuri ico cegeranyo na rirya reta y’i Gitega yama yamirira kure ivyo vyegeranyo vya ONU ku Burundi mu kuvuga ko vyuzuye ibinyoma.