Inama hagati y’Uburundi, Kongo, Urwanda, Uganda na Angola yimirije kuba biciye kuri Internet

0

Inyuma y’aho Inama hagati y’Uburundi, Kongo, Urwanda, Uganda na Angola yigirijwe inyuma kubera Ubrundi bwavuze ko butokwitaba iyo nama ‘kubera akazi kenshi’, ubu naho iyo nama yimirije kuba biciye kuri Internet canke ku buhinga ngurukana bumenyi( Video-conference).

Iyo nama yatumweko n’umukuru w’igihugu ca Kongo ikaba yimiriie guhuza abakuru b’ibihugu nka Ndayishimiye Evariste, Paul Kagame, Yoweri kaguta Museveni, Joao Lorenco wa Angola na Felix Tsghisekedi wa Kongo.

Inama yari yitezwe kuba ku wa 13 Nyakanga biranka yaciye yungururizwa ku wa 20 Nyakanga 2020 ariko kandi navyo ntivyakunda kubera impamvu zo kubonana amaso mu yandi na rirya hari ikiza ca Coronavirus mw’isi yose.

Umushikranganji w’ububanyi n’ayandi mahanga wa Kongo, Marie Ntumba Nzeza akaba yavuze ko iyo nama izoca iba hakoreshejwe uburyo bwa Video-Conference kubera ikiza ca Koronavirisi.

Iyo nama ikaba yitezwe ko ikora ibikorwa bihambaye vyo gutuma haba uguhuza hagati y’ibihugu  vyo mu karere ubona ko ibihugu bimwe bimwe bivuga ko bimwe usanga bipanga gutera ibindi canke bikabika inkozi z’ibibi zishaka kudurumbanya reta zabo.

Itariki iyo nama izoberako ikaba itamenyeshejwe naho hamenyeshejwe ko igiye ‘kuba mu misi mike iri imbere’.