UBM News ads

Ishirahamwe TRIAL ribonako Uburundi bwoguma bushinzweko ijisho muvyerekeye agateka ka zina muntu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo iryo shirahamwe ryabivuze mu nama yabaye kur’uyu wa gatatu i Geneve mubu Suisse aho umurwi ujejwe gukurikirana ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu m’Uburundi wariko uratanga icegeranyo c’ingene vyifashe m’Uburundi. Ico cegeranyo kikaba gihabwa igisata ca ONU kijejwe agateka kazina muntu.

Ishirihamwe mpuzamakungu TRIAL rikavuga ko atakintu kinini cahindutse mu vyerekeye kubahiriza demokarasi m’Uburundi cahindutse, kuko imigambwe, abamenyeshamakuru bigenga, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike yigenga bidakora nkuko bitegekanijwe mu ntwaro ya demokarasi.

Iryo shirahamwe TRIAL rikavuga ko inzego zari zijejwe kubahiriza agateka ka zina muntu zidakora neza akazi zijejwe, aho bakavuga Inama Nshingamateka, igipolisi, urwego rw’Umuhuza, Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu. TRIAL rikavuga kandi ko urwaruka rw’imbonerakure rwasubiye guhabwa ubushobozi bwo gucungera umutekano kandi ko ubwicanyi ndengera butungane bubandanya bwibonekeza m’Uburundi.

Ibindi bihugu vyariko birumviriza ico cegeranyo vyasavye ko uwo murwi wobandanya igikorwa co gucungera ingene agateka kazina muntu kifashe m’Uburundi.

Aho ni mugihe Leta ya Gitega n’ibihugu biyishigikiye bavuga ko igihugu c’Uburundi kiri mu mahoro ko uwo murwi wohagarika ibikorwa vyawo hama hakazanwa imigambi y’iterambere abarundi bakeneye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments