Ishirahamwe Regideso rimenyesha ko ridashobora gutanga fagitire y’amazi hadaciye amezi abiri

0

Imyidogo n’imyinshi ku banynwanyi ba Regideso aha iryo shirahamwe rishobara kumara amezi menshi ridatanze amafagitire y’amazi. Ivyo bigatuma abakoresha amazi basanga amahera yo kuriha yarababanye umurengera mbere bamwe bamwe batagishobora kuyariha.

Kurico kibazo, umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe Regideso, Mutima Ludiviko, amenyesha ko iryo shirahamwe ridashobora gutanga amafagitire imbere y’amezi abiri bijanye n’amategeko rigenderako. Akamenyesha ko Regideso iriko irakora ibikorwa mu zone amwe amwe nka Kiriri na Sororezo kugira ibibazo vy’abanywanyi ba Regideso bigabanuke.

Mwomenya ko ishirahamwe Regideso ariryo ryonyene rifise uruhusha rwo gutanga amazi mu bisagara no mu mitumba vyo mu Burundi. Abakoresha amazi rero ya Regideso muri kino gihe bararindira amafagire y’amazi bakabura, benshi batora kuja kwibariza aho amahera y’amazi bakoresheje ageze abandi bakaba barihoreye bariha izindi fagitire.

Ishiharamwe Regideso rikaba risigaye rikoresha uburyo bwo kudatanga amatara kuwuheranye amazi mu ntumbero yo kwishuza fagitire y’amazi.