Umukuru w’igisagara ca Bujumbura amenyesha ko azofata umugambwe CNL nk’iyindi migambwe

0

Kur’uyu wagatandatu umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, yarasohoreye ikete ryo kwankira umugambwe Conseil National pour la Liberté ‘’CNL’’ urongowe na Agathon Rwasa yahora arongoye umugambwe FNL gukoresha ikoraniro ryiwe rya mbere inyuma yo kwemererwa gukora kw’’uyo mugambwe. Iryo koraniro ryari riteguwe kuba kur’uyu w’Imana.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, mw’ikete ryiwe yavuze ko umutekano udakwiye arinaco gituma iryo koraniro ridashoboka. Ivyo bikaba vyariyamirijwe na Agathon Rwasa aho avuga ko iyo ngingo ariyo guhohotera abanywanyi biwe.

Umukuru w’igisagara, Freddy Mbonimpa, wewe amenyesha ko umutekano uhari mu gisagara ca Bujumbura ariko ushobora guhungabana mu gihe ata ngingo zifashwe. Freddy Mbonimpa avuga ko bari bafise amakuru avuga ko umutekano ushobora guhungabana mur’iryo koraniro.

Freddy Mbonimpa araremesha abanywanyi b’umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa ko uyu mugambwe uzofatwa nk’iyindi migambwe kuko wemewe n’amategeko.