FMI yafuse ideni ry’Uburundi rya miliyoni 7,63 $

0

Ikigo c’isi yose kigenzura amahera, FMI(Fonds Monetaire Mondial) caraye gifashe ingingp yo gufuta ideni kuri leta y’Uburundi ifise rya miliyoni 7,63 mu madolari y’Abanyamerika(hafi imiliyaridi 20 mu mafaranga y’amarundi).

Iyo ngingo ya FMI yafashwe yo gufuta ideni ryayo mafaranga vyatumwe nuko ico kigo gishaka gufasha Uburundi guhangana ciganje mwisi arico Covid-19.

FMI imenyesha ko iryo deni riri hagati yo kuva ku wa 21 Mukakaro gushika ku wa 13 Gitugutu 2020.

”Ikiza ca Coronavirus kiriko kigira ingaruka mbi ku gihugu c’Uburundi cane cane ku butunzi bw’igihugu, mu gutuma haba ukubura kwo kuriha ibi na biriya hakoreshejwe amahera n’ibindi…”, niko IMF ivuga.

FMI ivuga ko kubona yafuse iryo deni ku gihugu c’Uburundi bizotuma leta y’ i Gitega yikenura mu bijanye no kurwanya ico kiza mu buryo bwuzuye.

Mwomenya ko leta y’i Gitega yataguje nyene isekeza ryo gupima abo bose biketseko boba baranduye ikiza ca Covid-19 mu gisagara ca Gitega, umurwa mukuru wa politike w’Uburundi.