Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’Ubushikiranganji bw’amashure matomato, ayisumbuye hamwe n’aya kaminuza, ryamenyesheje ko ikibazo ca leta ico bita Exetat ku banyeshure barabgije amashure yisumbuye kizotangura gukorwa ku wa 28 Mukakaro 2020.
Itangazo ryasinyweko uyu musi wa 15 Mukakaro 2020 n’umushikiranganji w’amashure matomato, ayisumbuye n’aya kaminuza, Gaspard Banyankimbona, rimenyesheje ko ico kibazo kizokorwa kuva itariki 28/07/2020 gushika 31/07/2020.

Ubushikiranganji bukaba bwibukije kare hagisigaye indwi zibiri ngo ico kibazo gikorwe gutyo abavyeyi hamwe n’abana biteguriye gukora ico kibazo bitegure mu buryo bushitse.
L''Examen d'Etat Edition 2020 debute le Mardi 28 juillet 2020 a partir de 7h30 dans 105 centres de passation repartis a travers tout le pays. pic.twitter.com/aCDtyO2wai
— Ministry of Nation Education & Scientific Research (@MESRS4) July 15, 2020
Ubushikiranganji kandi bukaba busaba ko uwo wese yoba afise ico abaza yokwegera abayobozi b’ishure yigako canke akaja ku ma biro y’inyigisho mu ntara.
Raba hano itangazo ry’Ubushikiranganji bw’amashure mato mato, ayisumbuye hamwe n’ayakaminuza:






Recent Comments