Ishengero BETESIDA ryahagaritse ubugeni bwa Olivier(w’imyaka 28) na Jacqueline (w’imyaka57)

0

Ivyo vyameshejwe n’umupasteur wo mw’ishengero BETESIDA atashatse kwivuga izina . Iryo shengero rikaba riri mu Kamenge. Uwo mu pasteur akavuga ko batumyeko ba inasenge barabumviriza, baca bafata ingingo yo kwigiza inyuma urwo rubanza ikiringo c’amezi abiri, uwo mu pasteur akavuga ko bazobandanya bumviriza n’abandi bari mu miryongo yabo bantu babiri.

Uwo mu pasteur akaba yosohoye ijwi ku mbuga ngurukana bumenyi ya whatsapp, yaciye asaba abantu kugabanya amajambo, akamenyesha kandi ko bagiye kwigisha abo bageni cane cane uwo musore ashaka kwubakana nuwo mugore amusumvya imyaka hafi mirongo itatu. Ivyo rero bikaba bitashimishije abashaka kwubakana ariko bavyemeye kuko atakundi bari kugira. Ubugeni bwari kuba kur’uyu w’Imana itariki 4 z’ukwicumi. Gusinya imbere y’amategeko bikaba vyaramaze kuba.