Igisoda c’Urwanda cafashe abarwanyi 19 ba RED Tabara

0

Igisirikare c’Urwanda carafashe abarwanyi b’umuhari urwanya reta y’Uburundi bashika kuri 19 ku wa 29 Nyakanga 2020.

Abo basirikare b igihugu c’Urwanda bakaba bafashe abo barwanyi ba RED Tabara bari mwishamba cimeza rya Nyungwe riri mu bumanuko bwUrwanda.

Abo barwanyi ba RED tabara bakaba baciye berekanwa amakungu nibimenyeshamakuru.

Abo barwanyi bakaba bafatanywe ibirwanisho bitari bike.

Abarwanyi b’umuhari RED Tabara bakaba aribo biyemeereye ko bakoze ibitero bitari bike mu mihingo imwe imwe y’Uburundi.

Reta y i Gitega ikaba yasavye ko reta y i Kigali gutanga abansi b Uburundi bari mu Rwanda.

Reta y’Urwanda ikaba ataco iravuga ku bijanye no kurungika abo basirikare ba RED Tabara.