Isengesho rya Denise Bucumi ryarakoze kumutima abatari bake

0

Haba abari kubutegesti haba abari mubatavuga rumwe na Leta bose baratangazwa n’amajambo yavuzwe na Denise Bucumi kur’uyu wa gatanu mu gihe yariko arahamba umugabo wiwe yahoze ari umukuru w’igihugu, Pierre Nkurunziza.

Denise Bucumi asanzwe ari umupasitori mw’ishengero yashinze ryitwa Eglise du Rocher yamenyesheje kur’uyu wagatanu bagire bapfube umucance wiwe ko bagiriwe ubuntu bwo kugandara no gushingurana iteka uwabo agiye. Ko benshi hariho abataronse ayo mahirwe yo gufuba ababo, akavuga ko abandanya aremesha abana asize ko Imana barikumwe.

Abatavuga rumwe baremeza ko uwo mupfasoni yagaragaje inkomezi nyishi murico gihe kigoye, ariko bagasaba abantu bose batashoboye guhamba ababo ko boronka ako karyo ko kandi kuburwa irengero bitosubira m’Uburundi. Ivyo tubisoma nko mbuga ngurukaan bumenyi z’ikinyamakuru Iwacu hamwe no kurubuga rwa Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE n’ikigo Ndondeza cishinze gutabariza ababuzwe irengero.