Inama nshikiranganji yaraye igenywe

0

Mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana niho hasomwa itanganzo ry’igenwa ry’abashikiranganji bagize Leta y’Uburundi. Iryo tanganzo rikaba ryasomwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa. Inama nshikiranganji ikaba igizwe n’abashikiranganji 15 mugihe Uburundi bwahorana abashikiranganji 22. Benshi bakibabaza ko kwoba ari kugabanya uburyo Leta ikoresha muguhemba abo bashikiranganji.

Icibonekeje nuko icegera cambere c’umukuru w’igihugu, Prosper Banzombanza, atateyeko umukono kur’iryo genwa ry’abashikiranganji, bikaboneka ko agiye kutaronka akazi kenshi muri Leta. Abashikiranganji batanu bakaba bagumijwe mu mabanga, umutwa umwe akaba yagizwe umushikiranganji, nayo abakenyezi batanu ku bashikirangaji 15 bakaba bagizwe abashikiranganji mu gihe ibwirizwashingiro risaba ibice 30 vy’abakenyezi. Abava mu mugambwe CNL waronse 24% mu matora ntibashizwemwo hamwe n’urugero rw’abatusti rutakurikijwe kubice bisabwa bingana 40%.

Commissaire de police Chef Gervais Ndirakobuca, umupolisi w’ipete riri hejuru, akaba yahawe kurongora ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, umutekano n’igipolisi. Akaba abaye umupolisi ari mumugwi benshi bavuga ko ufise igihugu mu minwe harimwo na Commissaire de police général Alain Guillaume Bunyoni, yagenwe kuba umushikiranganji wa mbere.