Inyuma y’Igitero C’Ibigwanisho Vy’Ubumara, Amerika Yateye Missiles Syriya

0

Ibinyamakuru vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyatangaje k’umugoroba wo kur’uyu wa kane, ko Amerika yakoze ibitero vya misile muri Siriya, mu ntumbero yo guhora ibitero vy’ubumara vyakozwe n’Umukuru w’igihugu ca Syria Bashar al-Assad bigahitana abanyagihugu ijana, k’umunsi wa kabiri.

Ivyo bitero vya misile zirenga mirongo itanu ( Tomahawk cruise missiles), bibaye ivya mbere Amerika ikoze ku basirikare ba Siriya, bikaba vyakozwe n’abasirikare ba Amerika, basanzwe bagwanira mu mazi. Bivugwa ko izo misile zatewe ahari ikibuga c’indege, m’uburaruko bwa Siriya.

Ubwato bwo mu mazi butera Missiles bwa Amerika

Mu kiganiro ca Televisiyo Trump yatanze, yamenyesheje ko ahatewe izo missile ko ariho havuye indege zateye ivyuka vy’ubura bwica bugahitana abarenga ijana.

Uburusiya busanzwe bufashe mu mugongo Syria ntaco buragira ico buvuze kuri ico gitero, ariko abahinga bamaze kugabisha ko ico gitero ca Amerika muri Syria gishobora gutuma ukugwanya iterabwoba kugenda nabi.Bikaba bivugwa ko ivyo bitero vyahitanye abantu n’ibintu.

Aho izo missiles zagwa muri Syria

N’ibitero bibaye inyuma y’aho Donald Trump, hamwe n’abajejwe umutekano w’Igihugu hano muri Amerika, bari bagabishije kur’uyu wa kane ko hategerezwa kugira igikozwe aho muri Siriya, naho Amerika yaheruka kumenyesha ko Assad atazokurwa ku butegetsi.