Amerika Iriyamiriza Ibitero Vy’Ibigwanisho Vy’Ubumara Muri Syria

0

Ku musi wa akabiri itariki 4/4/2017 muri Syria harakozwe igitero c’indege zo mukirere aho hakoreshejwe ibigwanisho vy’ubumara mu gisagara ca Idlib mu buraruko bwa Syria.

Ico gitero kikaba cahitanye abantu barenga 100 hama abarenga 350 barakomereka bongera basigara bagwajwe n’ubwo bumara bwica, harimwo nigitigiri kinini c’abana bahitanywe n’ubwo bumara.

Isi yose ikaba yahagarutse kugira yiyamirize ico gitero, mu kwagiriza ubutegetsi bwa Bashar Assad hamwe n’Uburusiya ko buri inyuma yico gitero.

Ejo hahise ku musi wa gatatu, Umukuru wa Amerika Donald Trump yamenyesheje ko ico gitero ari “igitero ku bwoko bwabantu kandi ko kidashobora kwihanganirwa”. Abajijwe ko yoba agiye gukoresha inguvu za gisirikare muri Syria , Trump yishuye ko ‘ata co ashoboa kuvuga ko akora iki canke kiriya’.

Abantu barenga ijana harimwo nabana barahitanywe nico gitero

Ubwongereza, Ubufaransa na Amerika, vyose vyarahambariye Uburusiya ejo ku wagatatu hahise mu Nama y’Umutekano ya ONU yikibiriraho kugira bige kuri ico gitero.

Uwuserukira Amerika muri ONU, Nikki Haley, avuga ko ‘Assad ata ntumbero afise yoguhagarika gukoresha ibigwanisho vy’ubumara mu gihe Uburusiya bukibandanya bufashe mu mugaongo igihugu ca Syria’.

Abandanya avuga ko mu gihe Ibihugu biri muri ONU bitoja hamwe ngo bihagurukire ico kibazo, igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika ko gishobora kuvyikorera conyene.

Uburusiya bukaba bumaze ‘guhakana bikabije’ ko butagize uruhara mw’ico gitero, ariko bukagiriza intwaro ya Assad ko ariyo yakoze ico gitero. Syria nayo ikaba ihakana ko itarigera ikoresha ibigwanisho vy’Ubumara ku basivile mukiringo c’imyaka 6 iyo ntamabara ya Syria imaze kuva mu mwaka wa 2011.