Intumwa Idasanzwe ya ONU Ku Burundi, Michel Kafando, Yasubiye i Bujumbura, Mbe Azororanirwa?

0

Inyuma y’urugendo yakoze mu kwezi kwa Ruheshi 2017 mu Burundi,intumwa idasazwe ya ONU ku Burundi, Michel Kafando, yagarutse i Bujumbura kuva mu ndwi turangije, mu gihugu c’Uburundi mu gacerere ntangere,aho ata kinini kirashimwa kuvugwa ku bw’Urugendo rwiwe.Akaba yaheruka kubonana mw’ibanga ntangere n’umuhuza mu biganiro vy’Abarundi, Benjamin Mkapa, hamwe n’Abatavuga rumwe na Leta bari mu buhungiro.

Abihweza ibintu babona ko igikorwa yahawe kiriko kiranka kuko ata kintu kiboneka kiragaragara ko amaze gushikako mu bijanye n’ikibazop c’Uburundi. Michel Kafando akaba yatanguye kubonana n’abategetsi b’Uburundi ku wa 31 Gitugutu 2017, maze akaba yabanje kubonana ku musi wa mbere n’Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Alain Aime Nyamitwe.

Nkuko tubikesha RFI, Michel Kafando ategerezwa kubonana kandi n’abandi bose begwa n’ikibazo c’Uburundi hamwe n’iyindi mirwi nayo ifise uruhara mu gutorera umuti ikibazo c’Uburundi na cane cane imirwi y’amadini, imigambwe ya Politike, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike, hamwe n’umugwi ujejwe ivy’imigenderanire, imbere y’uko ava mu Burundi.

Isoko ry’iyi nkuru rimenyesha ko intumebero yiwe ari : « Kuraba uko ivyo mu Burundi vyifashe hama agerageze kubandanya igikorwa co gutorera umuti burundu ikibazo c’Uburundi » .Ariko abihweza ibintu n’ibindi nta mahirwe bamuha cane kubera ko Leta y’Uburundi isa n’iyamaze kwerekana ko itagishaka ibiganiro.

Kubera ko bimaze kugaragara ko Leta y’uburundi itazosubira kwitaba ibiganiro kandi bitunganywa n’umuhuza, Michel Kafando igikorwa ciwe kigiye guhura n’intambamyi zikomeye. Umuhuza Benjamin Mkapa nawe hariko hakorwa igikorwa na Leta y’Uburundi we nyene ubwiwe adashikiye, ni ukuvuga igikorwa co guhinyanyura ibwiriza shingiro, rizotuma Umukuru w’igihugu ahari ubu yitoreza kurongora Uburundi incuro ya kane, mbere gushika mu mwaka wa 2034.

Leta y’Uburundi yararahiye irarengwa kwicara ku meza imwe n’abo batavuga rumwe, abo yita « ba gaterabwoba ». None nubu biragaragara ko abo bagabo babiri( Michel Kafando na Benjamin Mkapa) bariko bita ku rutare kugira batorere umuti ikibazo c’Uburundi bigiye kubata ku w’amazi maze nabo batane n’akabando. Ni aho guha umwanya tukaraba iyo bija…