Ubutumwa Bwa Pierre Nkurunziza Bwo Gukengurukira Ku Ntsinzi Ya Uhuru Kenyatta Bwakiriwe Mu Buryo Butandukanye n’Abanyakenya.

0

Umukuru w’Igihugu Pierre Nkurunziza yarafashe intambwe ya mbere mu gukengurukira mugenziwe wa Kenya Uhuru Kenyatta ku ntsinzi yiwe yo gusubira kurongora igihugu ca Kenya. Ariko rero ubutumwa bwiwe yanditse ku rubuga rwa Twitter hamwe n’ubwa mugenziwe w’Ubuganda, Yoweri Museveni bwakiriwe nabi n’abanyakenya benshi bivanye nivyo bagaragaje ku nyandiko zabo kuri Twitter.

Bamwe mu banyakenya barakengurutse kuri ubwo butumwa, ariko rero abandi barabunebaguye mu kwandika nk’uku: “Ibisiga bingana bitorana inda” mu kwerekana ko kubona Pierre Nkurunziza yaramukengurukiye ku ntsinzi yiwe bitabatanganje kuko nawe bamufata nka Uhuru Kenyatta mu kurondera kwigumiza ku butegetsi.

Mu butumwa umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yanditse mu gukeza Uhuru Kenyatta bwagira gutya; “Ndasubiye kandi gufata kano kanya ngo ndagukeze ku ntsinzi yawe mu matora. Uburundi burakwipfurije kuroranirwa hamwe n’abanya Kenya bose”.

Ubutumwa bwa Museveni nabwo nyene bwo gukeza Kenyatta ntibwakiriwe neza kuko nawe nyene yagirizwa kugomba kwigumiza kubutegetsi mu gufuta itegeko rishiraho imyaka ntarengwa yo kwitoza mu giti c’umukuru w’igihugu mu Buganda.

Ubutumwa bwo kuri twitter bw’abo bategetsi babiri bwaratumye Abanyakenya batanga ivyiyumviro bitandukanye, maze bamwe baramukengekurukira ku ntsinzi abandi barabwiyamiriza.Ku butumwa bwa Museveni, hari uwishuye ati: “Niharagera, Nyakwubahwa. Itangazo ry’iyo ntsinzi rizofutwa vuba kandi nk’uko vyagenze”. Uwundi yanditse ati: “ Museveni, iyi ni Kenya, si Ubuganda!Rindira gusa uzokwibonera hama wemere ».