Intamba m’Urugamba zastinzwe n’igihugu ca RCA

0

Ibitsindo bibiri nivyo vinjinjwe n’umurwi nserukira gihugu ca Republika ya Centrafricaine kur’uyu wa gatatu aho bariko barakinira mu gisagara Bangui k’umurwa mukuru w’ico gihugu. Igihugu c’Uburundi kikaba kiriko kirahiganirwa kandi kuja mu mahiganwa yanyuma y’igikombe ca Afrika kizoba mu mwaka wa 2021. Uburundi bukaba buri mu murwi E urimwo ibihugu Maroc, Mauritanie na RCA.

Urukino ruzokwirikira rukazobera mu gisagara ca Bujumbura itariki 19 Munyonyo rukazohuza Uburundi na Maroc. Uburundi bukaba bwaheruka kuja mu mahiganwa yanyuma y’igikombe ca Afrika aheruka kuba mur’uno mwaka w’i 2019. Umumenyereza w’Intamba m’Urugamba, Olivier Niyungeko, akaba yari yaragize amahigwe arashikana Uburundi ubwambere mur’iryo higanwa ryanyuma.