UBM News ads

Abanywanyi ba CNL babiri bishwe mu ndwi itarenze imwe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abanywanyi babiri b’umugambwe CNL barishwe mu kiringo kitarenze indwi imwe mu Burundi, aho ni muntara ya Ngozi n’intara ya Muramvya.

Umwe akaba yishwe n’inkoni yakubishwe igihe yariko ataha ava mu birori vyo kwugurura ingoro y’umugambwe CNL mu ntara ua Ngozi aho umukuru wabo Agathon Rwasa ariho yari ari.

Muri komine ya Nyamureza vyabereye hakaba hakurikiye uguhagaraika abatari bake bikekwa kuba baragize uruhara muri iyo mishamirano.

Muri iyo ntara nyene niho hibonekeje isinzi ry’abantu bihereje ibarabara kugira ngo berekane agashavu bafise ko kurwanya gatotezo bakorerwa n’abari mu mugambwe uri ku butegetsi.

Uwundi yishwe yari umuyobozi wa CNL mu ntara ya Muramvya, Claire Niyongere, akaba yatowe ari ikiziga muri Komine Kiganda.

Amakuru ariko akwiragira avuga ko uyo mukeneyezi wo mu ntara ya Muramvya yabanje gufatwa ku nguvu maze aricwa ca atererwa mw’ishamba.

Umugambwe CNL ukaba wasohoye itangazo aho umenysha ko ufise amakenga ku kuntu abanywanyi b’uwo mugambwe babandanya bahohoterwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments