Uwo suwundi ni Francis Rohero asanzwe azwi cane ku mbuga ngurukana bumenyi yandika ivyiyumviro vya politique. Akaba ahejeje gutanga imiliyoni 30 z’amarundi mw’ibanki nkuru y’igihugu nk’ingwati yo kwitoza.

Mu mategeko ya CENI akavuga ko ushikanye ibice 5 kw’ijana baca bayagusubiza utabishikanye naho akagumizwa mu kigega ca Leta. Iryo tegeko bakibaza ko uwutora amategeko yashatse kugabanya abaja kwitoza bashaka kwihayagiza atabanywanyi bagira kurubuga rwa politike.
Benshi bakibaza rero ko ayo majwi azoyashikana mu gihe mu matora yo mu 2015 ayo majwi 5 kw’ijana yashikanye umugambwe CNDD-FDD n’urunani Amizero y’Abarundi, iyindi migambwe isa nkiyikomeye muri kahise nka UPRONA na FRODEBU ikaba itayashikanye. Kur’ayo mahera hakaba hiyongerako amafaranga yo kwiyamamaza, ibitoro, amahoteri, ibinyobwa, impapuro, ibitambara, inyambaro, ibipurizo, amabendera, guhanahana amakuru, eka uburyo bwinshi.





Recent Comments