Ingingo zanyuma za Pierre Claver Kazihise, arongoye umugwi ujejwe gutegura amatora

0

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kur’uyu wambere, umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora m’Uburundi, CENI, Pierre Claver Kazihise, yaratangaje ko atamuntu azotwara za telephone agiye gutora canke ngo afoto imbere mu kazu k’amatora azoba ejo aho bukera k’umusi wa gatatu itariki 20 rusama mu gihugu cose.

Pierre Claver Kazihise yaramenyesheje kandi ko abatozoba baratoye ya carata yo gutora bariyandikishije bashobora gutora kur’uyu wa gatatu bitwaje karangamuntu. Yaramenyesheje ko hari imirwi y’abantu bashobora gutorera aho bageze abo ni nk’abacungera amatora, abamenyeshamakuru, abashoferi b’abakuru hamwe n’abajejwe umutekano.

Vyose bikaba bihagaze kur’uyu murwi CENI ku musi wejo aho uzokwerekana ko atakanenge kabaye mur’ayo matora. Ariko imyidogo ni myinshi kubariko barahiganwa aho bavuga ko abarongoye utuzu tw’amatora bagizwe n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD gusa kandi amategeko asaba ko bose boshingwa ayo mabanga. Ikindi bafise ko amakenga n’itangwa ry’urupapuro bita PV ruzokwerakana uwuzoba yatsinze ku kazu kose k’amatora.

Mubona umukuru wa CENI, Pierre Claver Kazihise, azovyifatamwo neza ?