Amatora2020: Abarundi barindiriye ikiva mu matora batekanye

0

Mu gihe habaye ejo amatora yo gutora inzego zishasha z’igihugu kugera mu mwa mwaka wa 2027, Abarundi baracarindiye ikiva muri ayo matora.

Mwomenya ko muri rusangi leta yamenyesheje ko amatora yagenze neza muri rusangi mu mutekano mu gihugu cose naho habaye uguhagarika abatari bake mu bahagarariye amatora bava mu mugambwe wa Rwasa Agathon, CNL.

Naho imihora ya internet yaciwe ejo ku musi w’amatora mu gihugu c’Uburundi, abatari bake bariko babona uko amatora yegenze ku mbuga ngurukana bumenyi naho ivyo biharuro bikiri ivyo mu nyandiko bitaremezwa na CENI.

Mu biriko bikwiragizwa ku mbuga ngurukana bumenyi, umugambwe CNL wa Agathon uza imbere cane gusumba umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Ariko ibiriko bija ahabona ntawoshoka avyemera kubera ko bitaremezwa n’igihugu.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko Evariste na Rwasa bashobora gusangira amajwi gose.

Biragarara cane ko Evariste azeye amajwi menshi mu ntara z’Ubuseruko bw’Uburundi mu gihe Rwasa wewe ari amajwi menshi mu kiyaya cose c’imbo kuva za Cibitoki gushika za Makamba.

Ibiharuro vy’imfatakibanza bikaba vyitezwe  gushirwa ahabona ku wa 26 Rusama 2020 aho ni ku musi wa kabiri.