UBM News ads

Ibibazo ni vyinshi kuva aho hatorewe abagwayi babiri ba coronavirus mu gisagara ca Bujumbura

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya ikiza SIDA, Muganga Thaddée Ndikumana, kur’uyu wa kabiri, isaha cumi na zibiri z’umugoroba zirenga. Muganga Thaddeé Ndikumana mwitangazo ryiwe yasomeye abamenyeshamakuru yamenyesheje ko habimwe abantu bashika batanu, batatu bakaba bari muri komine Giteranyi bavuye mu gihugu ca Tanzania, 2 nabo bakaba bari bagwariye mu bitaro Bumerec biri mu gisagara ca Bujumbura.

Abo batatu bakaba basanze atakiza coronavirus bafise, abo babiri nabo bari i Bujumbura bakaba basanze bafise iyo ngwara ruhonya nganda. Bakaba bari baje kwivuze ingwara yibicurane yitwa grippe ariko idahera kandi irimwo umucanwa no kubabara umubiri wose. Muganga Thaddée Ndikumana akaba yameneysheje ko baciye bakurwa mur’ivyo bitaro Bumerec baca bajanwe mubiro Clinique Prince Louis Rwagasore aho hari ikibanza cagenewe abo bagwayi.

 

Ubwoba rero bwaciye butekera abanyagisagara ca Bujumbura eka n’abarundi bose aho bibaza ikigiye gukurikira, bamwe bakibaza ko imirimo igiye guhagarara, abandi ko bagiye kwicwa niyo ngwara canke n’inzara. Gushika ubu rero akaba atngingo irafatwa ijanye niryo torwa ryiyo ngwara. Kumbuga ngurukana bumenyi hakaguma haca amafoto y’abo bantu babiri batowe iyo ngwara, bakaba binsjiye m’Uburundi itariki 18 ntwarante uyu mwaka, hagasabwa ko abantu bose babonye n’abo bantu ko boja kwipimisha uyo mugera.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments