Ingaruka mbi zo guteba gutanga ivyavuye mu matora

0

Mugihe amatora y’umukuru w’igihugu, y’abashingamateka n’ayabahanuzi ba komine yaraye abaye kur’uyu wagatatu m’Uburundi bwose, ivyayavuyemwo biracarindiranwe igishika cinshi n’abarundi. Umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI, Pierre Claver Kazihise, akaba yahamagariye kur’uyu wakane abarundi kurindirana umutima munda ibizova mu matora bishobora gushikirizwa itariki 26 Rusama 2020 nkuko biboneka kurunde rw’ingene amatora azoza aragenda.

Ibihuha rero bikaba ari mvyinshi ku mbuga ngurukana bumenyi, bamwe ngo umugambwe CNL watsinze amatora abandi ngo umugambwe CNDD-FDD wastinze amatora. Ivyo biruko mu gihe abamenyeshamakuru babujijwe kuvuga ibiharuro vyavuye mu matora, boba ni kuraba ko amatora ariko agenda neza mu mutekano nuko abarorerezi bahari.

Ivyo biruko mu gihe mu bindi bihugu biteye imbere mur’iryo joro nyene ry’amatora baca bavuga ibiharuro n’uwatsinze ayo matora naho igihugu coba cagutse gute kinafise abanyagihugu benshi. Benshi bakibaza ko ivyo bishobora gutuma ibiharuro bihinduka kumvo zitandukanye, abatora barasaba ko ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru ko bwotezwa imbere mu murwi ujejwe gutegura amatora CENI.