‘Guca Internet ku musi w’amatora vyerekana ko hari ico CNDD-FDD yateguye’, niko abatavuga rumwe na leta bavuga

0

Abatari bake bariko bavuga ko guca imihora ngurukana bumenyi mu Burundi ku musi w’amatora bishobora kwerekana umugambi wateguwe kuva kera na leta y’Uburundi irongowe na CNDD-FDD.

‘Guca internet ku musi w’amatora vyerekana ko hari ico CNDD-FDD yateguye’, niko abatavuga rumwe na leta bavuga

Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL akavuga ko kuba harabaye uguca imihora ya internet nka WhatsApp, Facebook, Twitter, Telegram niyindi ari ‘umugambi wa CNDD-FDD wo kwiba amatora’.

Ivyo Rwasa Agathon akaba yabivuze mu gihe yari ahajeje gutora mu ntara ya Ngozi avukamwo.

Abandi batari bake kandi bariko biyamiriza uko kuntu leta ya CNDD-FDD yakase imihora ngurukana bumenyi.

Bakavuga ko ari ukwima uburenganzira abanyagihugu b’Uburundi bwo kumenya no kumenyesha amakuru muri iki gihe guhambaye ku gihugu c’Uburundi.

Mwomenya ko mu Burundi kuva ejo kugira uje ku mihora ya WhatsApp, Twitter, Instagram, Facebook na Telegram bisaba ko ukoresha ama VPNs(Virtual Private Networks) atuma barengera inzitizi zashizweho na leta y’Uburundi.

Weho nigiki uvuga kuri iyo ngingo yo kwugara imihora ngurukanabumenyi ku musi w’amatora mu gihugu c’Uburundi?