Ibomborabombora muri Radio Nkuru y’Igihugu!

0

Mu gihe hagize imisi havugwa amakuru y’imyidogo y’abakozi bamwe bamwe bakora muri radio nkuru y’igihugu RTNB Burundi, ubu hoho ababona ko ‘barenganywa’ bahisemwo kubishira ahabona kugira ngo ivyo bo bita ‘akarenganyo bije ahabona.

Mu rwandiko rwagiye ahabona, biragaragara ko ‘abavukana bariko baryana imitsi’ kubera ko ari ‘abagumyabanga bose ba CNDD-FDD basangiye akabisi n’agahiye’, ariko hakaba harimwo abiyita ‘abagumyabanga’ nk’uko abashize urwo rwandiko ahabona babivuga.

Mu myidogo yagiye ababona hariho ukuntu abakozi bakora muri iyo radio bahembwa intica ntikize mu gihe abandi bobo bahembwa ‘bagatubukurura umukanda’.

Uwutungwa agatoki cane akaba ari umukuru w’iyo Radio Nkuru, akaba yagirizwa gukoresha aka mwana wa mama mu gucinyiza benewabo baciye bugufi b’abagumyabanga ba CNDD-FDD. Akaba avugwa mbere ko ‘akorana na murumunawe muri ako karenganyo‘.

Soma neza iyo myidogo hano: