Umuliyaridi w’amafaranga y’Amarundi azohabwa Petero Nkurunziza n’umuryango wa Ndadaye

2

Inama Nshingamateka yaraye yemeje ko ubu amafaranaga umukuru w’igihugu agiye gutekererwa agiye kuzokwigwiza na kabiri mu gihe azoba atagitwara Uburundi.

Mwitegeko ryahahora ryamenyesha ko mu gihe uwahora atwara igihugu asezerewe neza muri ayo mabanga ategerezwa kuronswa amafaranaga y’amarundi imiliyoni 500(500 000 000 FBU).

Ariko integuro Abashingamateka bemeje ikaba ishirahabona ko ubu ayo mafaranga agiyekwigwiza kabiri aje ku muliyaridi w’amarundi.

Bikaba vyumvikakana ko umukuru w’igihugu ahari ubu, Petero Nkurunziza, agiye gutekererwa amafaranga angana na 1 000 000 000 FBU mu gihe azoba asezerewe muri ayo mabanga mu kwezi kwa munani uyu mwaka.

Muvyo Nkurunziza kandi azoronswa harimwo amazu meza meza hamwe n’imduga myiza myiza hariko n’abashoferi, eka ibintu vyiza vyiza kuruta bituma azobandanya ubuzima bwiwe inyuma yo gutanga intebe yicayeko.

Ayo mafaranga kandi vyemejwe gusa ko ahabwa umuryango wa Melchior Ndadaye yishwe mu 1993.

Abashingamateka abakaba bavuze ko abakuru b’ibihugu batatowe n’abanyagihugu canke bashitse ku butegetsi babanje gukubita coup d’etat iyo ngingo itabaraba ko atana kimwe baronswa.

Aho twovuga nka Domitien Ndayizeye, Ntibantunganya Sylvestre bashitse ku butegetsi ‘badatowe n’abanyagihugu’.

Abandi bashirwa mu bashitse ku butegetsi babanje gukora ico bita Coup d’etat ni nka Pierre Buyoya, Jean Baptiste Bagaza na Micombero abo bose ntibarabwa niryo tegeko.

2 COMMENTS

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here