Ivyi vyavuzwe n’umukuru w’inama y’abepiscopi bo mu Burundi, Musenyeri Gervais Banshimiyubusa, mwitangazo iyo nama yasohoye kur’uyu wa gatatu. Musenyeri Gervais Banshimiyubusa amenyesha yategetse abapatiri bose gudaha ijambo umuntu naho yoba ari umurayike hagati mu misa. Umukuru w’Inama y’abepiscopi akavuga ko ivyo bagira bitajanye n’amategeko ya riturugiya.

Musenyeri Gervais Banshimiyubusa akavuga ko abahora batanga amajambo kubera ubwoba bwabitavye imisa abandi bapatiri bakabikora bitwaje ububasha bafise n’ubucuti bafitaniye n’ababagendeye mu misa bariko bararongora, ati kuvubu birabujijwe. Umukuru w’Inama y’abepiscopi ntiyavuze ariko ibihano bizohabwa abo bapatiri.
Musenyeri Gervais Banshimiyubusa akaba yamenyesheje ko amajambo yose azovugwa imisa yose imaze kurangira canke hari itangazo rikomeye rikazovugwa muyandi matangazo. Mwomenya kw’abategetsi benshi bahora bafata ijambo imisa igire ihere iyo bagiye kugendera abenegihugu. Umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana, nawe akaba yaheruka kugirisha inama abarongoye amadini aho yababwiye ko batosubira kwivanga mu vya poritike ati uwuvuza ikembe avuze ikimbe uwuvuza umuduri avuze umuduri. Inama nkuru y’abepiscopi nayo ikaba yariherutse kugira ico ishikirije kubiganiro n’umutekano hagati y’abarundi ku musi mukuru wa Noeli. Mwomenya ko hasigaye umwaka umwe gusa amatora y’Umukuru w’igihugu abe mu Burundi.





Recent Comments