UBM News ads

Inama nshingamateka iriko iriga itegeko rigenga amatora yo mu 2020

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kur’uyu wagatatu niho inama nshingamateka yakorana kugira yige itegeko rigenga amatora yo mu 2020. Iryo tegeko rikaba ririndiranywe igishika n’urwego rujejwe gutunganya amatora CENI aho Umukuru w’igihugu niyariterako igikumu, urwego CENI ruzoca rutangura kurishira mu ngiro.

Pierre Claver Kazihise arongoye urwego CENI akaba amaze imisi agirisha amanama mu gihugu yo gusigura intumbero yingene urwo rubanza ruzogenda. Akavuga ko ashaka ko ayo matora yogenda neza mu mahoro n’umutekano nkuko ibwirizwashingiro riheruka gutorwa mumutekano.

Ariko iryo tegeko ririko risubirwamwo mugihe hari imigambwe itavuga rumwe na Leta ivuga ko yakumiriwe mu biganiro vyabereye i Gitega vyo gutegura iryo tegeko rizogenga amatora mugabo bakavuga ko urwo rubanza batazorusiba. Hakaba hari n’abandi banyeporitike n’abarundi bahunze igihugu bivuye mu kudahuza muri poritike, bakabandanya bavuga ko hamwe ayo matora yotunganywa neza boyitaba mugihe hari ibihuha bivuga ko hari abashaka kuyitaba.

Mwomenya ko atarundi rusensuma ruzoba rw’abatora hazokoreshwa urutonde rw’abatoye ibwirizwashingiro ryo mu 2018 mu gihe atagihindutse, abazoba bakwije imyaka 18 mu 2020 bakazoshobora gutora nabonyene.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments